Mu buzima bw’akazi bwa minsi yose, harashobora kubaho amasanganya atandukanye ashikira abakozi. Ni co gituma ishirahamwe INSS (Institut National de Sécurité Sociale) rifise uruhara rukomeye mu gufasha abakozi igihe bashikiwe n’ayo masanganya. Ivyo bishikirizwa na Estella Kwizera, arongoye igisata kijejwe gutunganiriza abahuye n’impanuka ziturutse ku kazi muri iryo shirahamwe.
Umukozi wese yategekanirijwe kazoza muri INSS, iyo agize isanganya ryo ku kazi, arahabwa uburenganzira bwo kuvuzwa n’iryo shirahamwe. Ivyo biterwa n’uko umukoresha wiwe aba yaramwandikishije muri INSS. Ariko rero, abakozi badategekanirijwe kazoza ntibashobora kwakirwa na INSS mu gihe bashikiwe n’isanganya ku kazi nkuko Estella abisigura.
Iyo umukozi agize isanganya, INSS iramwitaho ikamuvuza mu buryo bwose bushoboka, kuko akenshi usanga amagara yiwe aba yahungabanye. Uretse ubuvuzi ahabwa, iryo shirahamwe riratanga n’utundi turusho dutandukanye. Harimwo nk’umukando utangwa rimwe ku bakozi bagize isanganya bagatakaza ubushobozi ku rugero rushika ku bice 15 kw’ijana (15%). Ku batakaje ubushobozi buri hejuru y’ibice 15% gushika ku 100%, baca bahabwa inshumbusho ibandanya.
Hari n’igihe umukozi ashobora kwitaba Imana biturutse kw’isanganya ryo ku kazi. Estella avugako muri ico gihe, INSS iheza igaha inshumbusho umuryango wiwe. Iyo uwitavye Imana yari yarubatse urwiwe, iyo nshumbusho ihabwa uwo bari bubakanye n’abana bemewe n’amategeko. Iyo atari bwubake urwiwe naho, iyo nshumbusho ihabwa abavyeyi biwe b’amaraso. Vyongeye, ishirahamwe INSS riraheza rigatanga n’igice nc’imfubo duharura ku bice umuntu abatangirwako intererano kugira bafashe gufuba uwitavye Imana biturutse kw’isanganya ry’akazi.
Ku bijanye n’ukumenyekanisha isanganya, Estella asigurako bisabwa ko umukozi aca abimenyesha umukoresha wiwe ubwo nyene. Ayo masanganya ashobora kuba yabereye ku kazi, mu nzira aja canke ataha, canke mu bikorwa aba yatumwe n’umukoresha wiwe. Iyo yababaye rwose atagishoboye kuvuga, umuryango wiwe niwo uca umenyesha umukoresha yuko umukozi wiwe yagize isanganya.
Umukoresha rero afise igikorwa ntangere iyo umukozi wiwe yagize isanganya kuko niwe atagerezwa kumumenyekanisha, hariho inyandiko zisabwa kugira amenyekanishe isanganya, aha Estella avuga nk’urupapuro rwuzuzwa n’umukoresha, urwo rupapuro araza akarutora mw’ishirahamwe INSS agashirako umwidondoro wuwo mukozi wiwe agashirako nukungene iryo sanganya ryagenze bikunze agashirako n’ivyabona babonye aho iryo sanganya ryabereye, hama urwo rupapuro uwo mukoresha akarushirako umukono. Impande y’ivyo hariho n’urupapuro rwuzuzwa n’umuganga yavuye uwagize isanganya akimubona kugira atange umuco ukwiye kubijanye n’iryo sanganya.
Umurwayi nawe nukuvuga uwagize isanganya birasabwako impapuro zose yivurijeko aca azitanga akaziha umukoresha wiwe kugira ashire hamwe naza mpapuro zose duhejeje kuvuga kugira ace aza kumenyekanisha isanganya ngaha muri INSS maze dushobore kumutunganiriza.
Birakenewe cane ko isanganya rimenyeshwa mu kiringo kitarenze imisi ine (4) kuva ribaye. Iyo ico kiringo kirenze, amategeko ategeka ko umukoresha ari we yishura ivyo vyose INSS yari gutungananiriza uwagize isanganya, ivyo bikaba bishobora kumugora cane.
Mu gusozera, Estella Kwizera aratera akamo abakozi n’abakoresha bose kumenya amategeko abagenga, kugira bakingire ibibazo bishobora guterwa n’ukutamenya canke ukutitaho amategeko.
Kubwiwe ngo kumenya amategeko ajanye no gutegekaniriza kazoza umukozi ni intambwe ya mbere mu kwikingira no gukingira abandi mu kazi.