INSS

Urgent | ivyihutirwa

Calendrier de paie Ier trimestre 2026 | Itangazo ry'ikirangamisi c'Ihemba c'igice ca mbere umwaka wa 2026

Ubuyobozi bukuru bwa INSS buramenyesheje abanywanyi bose basanzwe bahembwa ukwo amezi atatu aheze kandi bahembwa n’ibanki BANCOBU biciye mu buryo bwa BANCOBU eNoti ko bazotangura guhembwa kuva kw’igenekerezo rya 20 NDAMUKIZA 2026 hakurikijwe. ikirangamisi kiri  muri rino tangazơ.   Réf. No DG/A304 /E.M/g.nd/2026

Amasaha yo guhemba ni kuva isaha zibiri n’igice zo mu gatondo gushika isaha icenda n’igice z’umuhingamo (de 08h30 à 15h30)
INSS iramenyesheje kandi abanywanyi bamaze gutanga nomero ya terefone ngendanwa ifise BANCOBU eNoti ko amafaranga bahembwa azoja ku ma konti yabo ya Bancobu eNoti kwigenekerezo rya 17 Ndamukiza 2026 biciye mu butumwa (message) baronka ku ma terefone yabo. Basabwa kubiraba baciye ku biharuro *161#, bace begera badatevye abaserukizi ba BANCOBU eNoti (aribo twita aba agents) bari mu micungararo yaho baba kugira babafashe mu kubikura amafaranga yabo. 

Uwuzoba afise ico abaza asabwe kuzohamagara ku muhora utariha wa BANCOBU 161.
Abazosanga ata mahera yabashikiriye ku ma télépfone yabo basabwa kwisunga ikirangamisi catanzwe kugira babatunganirize

NEMYA NEZA: Uwutazoba yaje ku biro vyihembwa, azoca arindira igice gikurikira. 

INSS iramenyesheje kandi ko iri hemba ari irya nyuma ikoze isanga abanywanyi aho baba. Uwutazokwuguruza umuhora wiwe wa Bancobu enoti iki gice bizomusaba kuja kuwiyugururiza yongere awushikane ku biro vya INSS imbere yo gusubira guhembwa.