INSS

Urgent | ivyihutirwa

Ugutegekaniriza kazoza abakozi bibafitiye akamaro kanini cane iyo bakiri kukazi canke bageze mu za bukuru, ivyo bivurwa na NIVYUMUREMYI Juliette asanzwe arongoye igisata co kwakira abanywanyi muri INSS.

Iyo umukozi akiri kukazi akamaro bimugirira ngo ni nkaho umukozi agize isanganya ari mu kazi, ariko araja canke atashe avuye ku kazi, canke akarwarira ku kazi, iyo yategekanirijwe kazoza, umukoresha wiwe aca aza kumenyesha iyo mpanuka yagize hama INSS ikamuvuza, naho vyoshika bigasabwako uwo murwayi ajanywa kuvurirwa hanze INSS irabimikorera vyose irongera kandi ikamuronsa umukando. Mu gihe yarwaye bitumwe nakazi akora (maladie professionnelle) maze abaganga bakemezako indwara yarwaye ko yayitewe n’akazi akora, muri INSS turamwakira tukamuvuza hama agahabwa n’umukando ujanye n’ububabare yagize.

Umunywanyi kandi araronka akarusho iyo yarwaye indwara ituma adashobora kubandanya akazi. Muri ico gihe bisabwako aba amaze gutangirwa intererano n’imiburiburi imyaka itatu, aca agira uburenganzira bwo kwakirwa na INSS ikamuha pansiyo y’ubumuga (pension d’invalidité).

Umunyanyi wa INSS araronka pansiyo y’ubusaza mugihe akwije imyaka itegeganijwe n’amategeko, arafise kandi uburenganzira bwo kuronka pansiyo yo mu busaza atarakwiza imyaka (pension anticipé), gukukuruka hataragera bikaba biba bivanye n’ubumuga yagize (usure prématuré) canke avyishakiye, ariko harivyo asabwa kugira tumenyeko ariwe yavyishakiye, yandikira umukoresha ko ashaka guhagarika akazi hama nawe akamwishura, ivyo bica bitwerekako ariwe nyene yavyishakiye. Iyo biturutse ku ndwara naho azana icegeranyo co kwa muganga (rapport médical) cerekana ko yarwaye vyukuri. Iyo pansiyo isabwa imbere y’imyaka 10 yo gukukuruka yemewe n’amategeko.

Hama abageze mu zabukuru nabo barahabwa uburenganzira bwo kwivuza biciye mu ntererano INSS ibatangira muri Mutuelle.

Juliette amenyesha kandi ko iyo bishitse umunyanyi akitaba Imana ntibaraba imyaka yarakoze, baca bahamagarira abasirwa biwe bemewe n’amategeko bagaheza bakaza akaba aribo baronka iyo pansiyo. Menya neza abana basirwa nuwo munyanyi bakirwa nukuva kuwukiri munda kuko nk ‘umugabo ashobora kwitaba Imana asize umukenyezi wiwe yibungenze gushika kuwutararenza imyaka mirongo ibiri n’umwe y’amavuko (21 ans).

Arangiza asaba abakozi kuza baraja kurabako umukoresha yabatangiye intererano yo kubategekaniriza kazoza kabo ngo kuko n’uburenganzira bwabo. Yaranasavye abakoresha nabo kwubahiriza amategeko mukwandikisha abakozi babo no kubatangira intererano kubatarabikora hama ababikoze nabo babibandanye kugira abakozi babo bazobandanye bamererwa neza no mugihe bazoba batakiri kukazi.