Mbega wari uzi ko ubu ushobora kuronka serivisi z’ishirahamwe ryo gutegekaniriza kazoza abakozi INSS utarinze gukora ingendo ndende? Iryo shirahamwe ryarafashe ingingo zo kwegera umwenegihugu aho ari hose, haba mu ntara, mu makomine canke biciye mu kumenyesha amakuru. Ibi vyerekana intambwe ikomeye mu gushitsa ihangiro ryo gutuma ata mwenegihugu n’umwe asigara inyuma mu bijanye no gutegekanirizwa kazoza kiwe.
Intangamarara
Ishirahamwe ryo gutegekaniriza kazoza abakozi, INSS, rifise ihangiro ry’uko kuva mu mwaka wa 2024 gushika mu 2029, abenegihugu bose bazoba bazi ibijanye no gutegekanirizwa kazoza kabo. Mu gushika kuri iryo hangiro, INSS yarafashe ingingo zitandukanye kugira ijane n’ihangiro ry’igihugu.
Amashami ya INSS mu ntara zose
Mu ntumbero yo gushigikira intambwe igihugu cateye yo kugabanya intara ziva kuri 18 zija kuri 5, igihugu gifise ihangiro ryuko uburundi buba cifashe mu 2040 n’igihugu giteye imbere mu 2060, INSS nayo yaciye ifata ingingo yo gushiraho amashami yayo muri izo ntara zose uko ari 5.
Ayo mashami aherereye mu ntara za Buhumuza, Burunga, Butanyerera, Gitega hamwe n’icicaro gikuru kiri i Bujumbura. Ivyo vyatumye abenegihugu batari bake bashobora kwegera bitagoranye ibikorwa vya INSS.
Kwegera umwenegihugu ku rwego rwa komine
Naho ayo mashami yashizweho, INSS yarabonye ko bidahagije kugira ishikire abanywanyi bayo bose. Ni co gituma yafashe ingingo yo kwegera vyukuri umwenegihugu aho ari, kugira imupfunyirize urugendo.
Ni muri iyo ntumbero, INSS yaciye yugurura amashami matomato mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi, bigatuma serivisi zayo zishikira benshi kurushiriza.
Gukoresha amaradiyo mu gutanga amakuru
Hampande yo kwagura amashami, INSS yarashimye gukorana n’amaradiyo akorera mu kibano (radios communautaires) kugira ishikire abenegihugu benshi bashoboka.
Dufatiye ku cegeranyo c’ubushikiranganji muvyo bujejweharimwo kumenyeshamakuru (www.mincotim.gov.bi), kirerekana ko nimiburiburi abantu bangana na 89% bumviriza iradiyo mu kiringo c’ukwezi, kandi ko 59% batunze iradiyo. Ivyo bisigura ko igitigiri kinini c’abanywanyi bashobora kuronka amakuru ajanye n’ugutegekanirizwa kazoza kabo mu buryo bworoshe.
Inyigisho ku bamenyeshamakuru
Kubera ko benshi batari bazi neza ibijanye no gutegekaniriza kazoza, INSS yarafashe ingingo yo kubanza guha inyigisho abaserukira ibimenyeshamakuru hamwe n’abamenyeshamakuru.
Ihangiro ryizo nyigisho kwari ukubaha ubumenyi bukwiye kugira bashobore gutanga amakuru y’ukuri, yumvikana neza kandi afasha ababumviriza gutahura akamaro ko gutegekaniriza kazoza.