IBIMENYESHEJWE ABAKORESHA BOSE KUBIJANYE NO KURIHIRA BE NO KUMENYEKANISHA ABAKOZI BABO MW'ISHIRAHAMWE INSS

Publié par inss : Wed, 09/14/2022 - 16:06

Ishirahamwe ryo gutegekaniriza kazoza abakozi, INSS ryisunze ingingo ya 139 na 141 y'ibwirizwa inomero 1/12 ryo ku wa 12 Rusama 2020 ryerekeye igitabu c'amategeko agenga ugukingira n'ugutegekereniriza kazoza abenegihugu mu Burundi, riribukije abakoresha bose ko kurihira amafranga yo gutegekanya kazoza no kumenyekanisha urutonde rw'abakozi babo muri INSS, bikorwa mu minsi itarenga 15 y'ukwezi gukurikira ikiringo bijanye ".

INSS ikaba isubiriye kwiyemeza gukorana neza n’abakoresha bose kandi ikaba iboneyeho kano karyo keza ko kubakebura ngo bubahirize izo ngingo kugire ntibaze bacibwe amahadabu ajanye no gucererwa kurangura ico gikorwa.

Document PDF
Type