ITANGAZO RYA INSS KU BAKORESHA B’ABAROVYI (PATRONS-PÊCHEURS)

Publié par inss : Wed, 09/21/2022 - 15:54

lshirahamwe ryo gutegekaniriza kazoza keza abakozi « INSS » riratumiye abakoresha b'abarovyi (patrons-pêcheurs) bose hakorera mu kiyaga Tanganyika kwitaba igikonwa co gusuzuma aho ukwandikisha no gutanga intererano z'abakozi babo muri INSS bigeze. Ni muri iyo ntumbero INSS izorungika abakozi bayo kugira bafashe aba patrons-pêcheurs kwuzuza impapuro zabigenewe.

Abakoresha b'abakozi (patrons-pêcheurs) basabwe kwibangikanya urupapuro rw'ibanki rwemeza ko barishe (borderaux) hamwe n'amafotokopi y'amakarata karangamuntu z'abakozi batangiye intererano zo kuva mu gice ca 4 c'umwaka 2021 gushika mu gice ca 3 c'umwaka 2022.

Abakozi ba INSS bazobasanga mu bibanza bikurikira :

1. Kajaga kw'ishule EPCM iri hafi y'umweha: ni ku ma genekerezo ya 28 na 29/09/2022 kuva isaha 2 zo mu gitondo gushika isaha 11 z'umuhingamo;

2. Mu Kabezi ku biro vya posita: ni kw'igenekerezo rya 30/09/2022 kuva isaha 2 zo mu gitondo gushika isaha 11 z'umuhingamo;

3. Magara kubiro vya zone kw'ikaburimbi : ni kw'igenekerczo rya 28/09/2022 kuva isaha 2 zo mu gitondo gushika isaha 11 z'umuhingamo;

4. Gitaza ku biro vya zone : ni ku ma genekerezo ya 29 na 30/09/2022 kuva isaha 2 zo mu gitondo gushika isaha 11 z'umuhingamo;

5. Nyanza-lac ku biro vya komine : ni kw'igenekerezo rya 27 gushika kw'igenekerezo rya 29/09/2022 kuva isaha 2 zo mu gitondo gushika isaha 11 z'umuhingamo;

6. Ku biro bikuru vya INSS hamwe no kuri Agence Rumonge : ni kuva kw'igenekerezo rya 26 gushika kw'igenekerezo rya 30/09/2022.

Aba patrons-pêcheurs baramenyeshejwe ko atawuzokwinjira mu kiyaga Tanganyika kuva igenekerezo rya 16 Gitugutu 2022 atabanje kwereka abajejwe umutekano urupapuro rwemeza ko badaheranye muri INSS.

Document PDF
Type