IBIMENYESHE]WE ABAKORESHA BOSE KUBIJANYE NO KURIHIRA BE NO KUMENYEKANISHA ABAKOZI BABO MW'ISHIRAHAMWE INSS

Publié par inss : Wed, 12/07/2022 - 13:52
Document PDF

Ishirahamwe ryo gutegekaniriza kazoza abakozi INSS ryisunze ingingo ya 139 na 141 y'Ibwirizwa inomero 1/12 ryo ku wa 12 Rusama 2020 ryerekeye Igitabu c'amategeko agenga ugukingira n'ugutegekaniriza kazoza abenegihugu mu Burundi, rirasubiriye kwibutsa abakoresha bose ko kuriha intererano yo gutegekanya kazoza no kumenyekanisha urutonde rw’abakozi babo muri INSS bikorwa mu minsi itarenga 15 y'ukwezi gukurikira ikiringo bijanye.

INSS yihweje ivyasabwe n'abakoresha bavuga ko batumvise amatangazo yo ku wa 13 Nyakanga 2022 no ku wa 16 Nyakanga 2022 yabahamagarira kwubahiriza izo ngingo nshasha zerekeye gutegekaniriza kazoza abakozi, Ishirahamwe INSS riramenyesheje abakoresha ko izo ngingo nshasha zizoshirwa mu ngiro kuva mu kwezi kwa Nzero umwaka 2023 igihe bazoba bariko baratanga urutonde rw'abakozi no kubarihira intererano z'igice ca kane c'umwaka 2022.

Type